Kirundo: Umuntu umwe yishwe uwundi arakomereka mu gitero c’abasuma

4 7-07-2018 - saa 12:47, vianney

Jean BERCHIMAS NZIRUBANJE niwe yaraye yishwe n’abasuma bitwaje ibigwanisho bongera bakomeretsa uwitwa KAYIZERA k’umutumba Mwenya muri komine Kirundo mu ntara ya Kirundo mw’ijoro ryo kuruyu wa gatanu igihe c’isaha imwe n’iminota 40 z’ijoro.

Amakuru dukesha umuvugizi w’Ubushikiranganji bw’umutekano no kugwanya ibiza, Pierre NKURIKIYE amenyeshako abo basuma bitwaje ibigwanisho bateye bari kw’ipikipiki mu bunywero bw’uwo batazira KAYIZERA barasa abari murubwo bunywero baca bakomeretsa nyene bwo KAYIZERA hamwe na Jean Berchimas NZIRUBANJE yaciye yitaba Imana.

Pierre NKURIKIYE amenyeshako uwo yakomeretse ubu ari mu bitaro vyo mu ntara ya Ngozi ,ikiziga c’uwapfuye naco kiri mu buruhukiro bw’ibitaro vya Kirundo.

Uyo avugira ubwo bushikiranganji amenyeshako abo basuma imbere yuko bahunga bagiye bivye amafaranga ataramenyekana igitigiri kandi ubu amatohoza aza yatanguye.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Isaac 2018-07-16 22:10:20

Oya Kwer Abarunditurashavuriraniragose

2
kagabo 2018-07-12 17:39:54

bamureka guhumba mbe muhenda nde ?ego data ngo ni absuma!!!!!,zabaye za mbonerakure zanyu zagisibije.

3
Prosper Pro 2018-07-10 20:24:12

Nukuri Abobabisha Nukubarondera Bakubitwe Intahe Mugahanga.

4
Khaji Rurindikije 2018-07-07 17:20:38

Tohoza Muraduha Inyishu Kuko Natwe Turakunda! Ntumuramenya Abo Basuma Aho Baje Baturuka Sawa Muraduha Inyishu.

Kumenyekanisha