Kenya:Abarovyi 109 b’abatanzaniya bafashwe

0 8-06-2018 - saa 15:31, vianney

Abarovyi bangana 109 bava mu gihugu ca Tanzaniya nibo bafashwe n’abasirikare b’igihugu ca Kenya bakora uburovyi butemewe n’amategeko mu mazi y’ibahari y’Ubuhindi yo k’uruhande rwa Kenya

Amakuru dukesha BBC avuga ko abo barovyi bafatiwe ahitwa Shimoni ahari ikivuko mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Kenya hafi y’urubibe bihana n’igihugu ca Tanzaniya.

Ayo makuru avuga ko inyuma yo kunanirwa gutanga ingwati y’amashiringi ya Kenya angana ibihumbi 20 umwumwe baciye bajanwa mu minwe y’abajejwe ubutungane mu gace ka Kwale.

Nk’uko BBC ibandanya ibivuga igihugu ca Tanzaniya kiza catanguye kugiranira ibiganiro n’igihugu ca Kenya kugira ico kibazo c’abo barovyi gitorerwe umuti.

Ibihugu vya Kenya na Tanzaniya bimaze igihe kitari gito hari ukutumvikana kuvyerekeye urudandazwa ,uyu mwaka hakaba harashize ibimenyetso vy’imbibe mu gukura ivyari bimaze gusaza.

Haraciye imisi abarovyi bo mu gihugu ca Kenya bagiriza abarovyi bava mu bindi bihugu ko bakora uburovyi butemewe n’amategeko mu gukoresha ibikoresho bibujijwe n’amategeko.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha