
Inkoho imwe yo mu bwoko bwa Kalachnikov hamwe n’ibikono vy’amasasu bibiri nivyo vyatowe n’igiporisi inyuma yaho gikurikiye inkozi z’ikibi zishe Daniel NGENDAKUMANA hamwe n’umugore wiwe Elizabeth NIKIZA bo k’umusozi Buyumbu muri komine KABARORE mu ntara ya Kayanza.
Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya Ibiza,Pierre NKURIKIYE amenyeshako uyo mugabo n’umugore wiwe bishwe bahitanywe n’urusasu rw’abagizi ba nabi bataramenyekana.
Daniel NGENDAKUMANA hamwe n’umugore wiwe Elizabeth NIKIZA barashwe mw’ijoro ryo kuwa kabiri buca ari ku wa gatatu igenekerezo rya 19 Nyakanga umwaka wa 2018.
Nukwihangana Ntawe Bitoshikira Umuryango WAbo Nukubafata mumugongo Pore Sana
Imana ifashe abarundi bose basubize inkota mugwubati sinon tuwopha duhere mukutamenya
Injavyi zamyeho kandi zihoraho nico gituma detegerezwa kuzirwanya twivuy inyuma
ABICANYI BAZOBONIBARA IMANA IZAHANA ITARAVYE UKO BASA
nibafate nyabuna izo nkozi zikibi zishengezwe imbere yintahe.