
Umukuru w’ikigo CNC kijejwe gukurikirana ingene ibinyamakuru bikora Karenga Ramadhani amenyesha ko ikigo arongoye gifise ububasha bwo gukurikirana ikintu cose giciye mu bimenyeshamakuru.
Inyuma y’ingingo yafashwe ko indirimbo yose y’abarundi izoca mu bimenyeshamakuru izobanza gusuzumwa n’ikigo CNC,ubushikiranganji bw’urwaruka,inkino n’imico kama bwamenyesheje ko aribwo bufise igikorwa co gukingira imico n’imigenzo y’igihugu.
Karenga Ramadhan,inyuma y’ivyashikirijwe n’ubushikiranganji, yavuze ko (...)
Umukuru w’ikigo CNC kijejwe gukurikirana ingene ibinyamakuru bikora Karenga Ramadhani amenyesha ko ikigo arongoye gifise ububasha bwo gukurikirana ikintu cose giciye mu bimenyeshamakuru.
Inyuma y’ingingo yafashwe ko indirimbo yose y’abarundi izoca mu bimenyeshamakuru izobanza gusuzumwa n’ikigo CNC,ubushikiranganji bw’urwaruka,inkino n’imico kama bwamenyesheje ko aribwo bufise igikorwa co gukingira imico n’imigenzo y’igihugu.
Karenga Ramadhan,inyuma y’ivyashikirijwe n’ubushikiranganji, yavuze ko ahubwo itegeko rigenga CNC ryerekana neza ko CNC ariyo ifise ububasha bwo kugenzura ibica mu bimenyeshamakuru.
Umukuru wa CNC amenyesha ko iyo ikinyamakuru kivugije indirimbo canke kikavuga amajambo arimwo ibitutsi,ikigo CNC nico gifise ububasha bwo guhana ico kinyamakuru,atari uwabivuze canke uwaririmvye.
Karenga Ramadhan amenyesha ko indirimbo nkiyo ishobora guca ahandi hose atari mu binyamakuru.
Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!