Kidumu avuga ko yariye uburozi yuriye indege imushikana muri Kenya

2 28-03-2018 - saa 15:08, Egide NDUWIMANA

Umuririmvyi rurangiranwa w’umurundi Jean Pierre NIMBONA benshi bazi kw’izina rya KIDUMU avuga ko yariye uburozi mu Burundi, yasohotse ibitaro ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri. Mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu naho, niho yafashe indege imushikana mu gihugu ca Kenya, aho asanzwe arangurira imirimo y’ukuririmba, akaba ari naho aba.

Kidumu yari mu Burundi kuva mu mpera z’indwi iheze, akaba yari yaremesheje igiteramo c’umuziki ku munsi wa gatandatu, aririmbira abanyeshure ba Kaminuza y’Uburundi, mu bigo vy’i Kiriri. Aho yari yabisabwe n’ishirahamwe OIF ry’abakoresha ururimi rw’igifaransa. Ku munsi wa mbere, mu gihe yari yitegeriye kwurira indege imushikana muri Kenya, niho yakikwa n’amagara, ajanwa mu bitaro. Kidumu ashikiriza ko abaganga bemeje ko yariye ishano, kandi ko n’amafyigo yiwe hamwe n’amahaha yari yashikiriwe.

JPEG - 74.2 ko
Jean NIMBONA "KIDUMU" ku kibuga c’indege ca Bujumbura, imbere y’uko yurira indege imushikana muri Kenya

Jean Pierre NIMBONA "Kidumu" amenyesha ko aho yoba yaraririye ubwo burozi ahazi, hamwe n’amasaha yabuririyeko ayazi. Avuga ariko ko adashobora kuhavuga mu bitangazamakuru. Yemeye kuhabwira abajejwe umutekano.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
eric batazira kidumu 2018-04-13 13:14:18

birambabaje can

2
Wassely 2018-04-02 04:58:44

Abo Nabasi Bivyiza Kweli! Hakorwamatohoza Neza Hanyuma Abo Bicanyi Bafatwe! Mbe Nka Kidum Bamuhorik?

Kumenyekanisha