
Umukuru w’ibanki nkuru y’igihugu BRB (Banque de République du Burundi) Jean CIZA amenyeshako bagiye gushiraho uburyo buzofasha kugwiza umwimbu biciye mu gisata c’uburimyi n’ubworozi kuko abakorera murico gisata bahora bataronswa amadeni n’amabanki.
Mu ruganda ibanki nkuru y’igihugu yatunganije kuruno wa kane igenekerezo rya 8 Munyonyo 2018,Jean CIZA yavuze ko ibanki nkuru y’igihugu igiye gushiraho uburyo bwo kuronsa amabanki atandukanye hamwe n’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana kugira nayo azoshikirize ubwo buryo abantu bakeneye amadeni basanzwe bafise imigambi itanduka ye mu bijanye n’uburimyi n’ubworozi.
Jean CIZA yavuze ati : «Tugiye gufasha abantu bahora batinya gufata amadeni kandi wasanga bafise imigambi y’iterambere abo nabo tugiye gufasha kugira baterere mu guteza imbere igihugu. »
Uyo mukuru w’ibanki nkuru y ’igihugu yavuze kandi ko abahora bafise impungenge ko abari mu burimyi n’ubworozi badashobora gufata ideni kubera badafise ababashigikira mu buryo,ko bagiye gukorana n’amabanki kugira bafashe gushigikira abakorera murivyo bisata mu ntumbero yo kunagura ubutunzi bw’igihugu biciye mu burimyi n’ubworozi.
Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!