Japhet Legentil:”Akari mu mpene niko kari no mu ntama”

1 25-07-2018 - saa 10:02, vianney

Umukuru w’ishirahamwe ry’abarundi baba mu mahanga”Diaspora burundaise”,Japhet Legentil amenyeshako kuba hariho bamwe mu barundi batiyumvamwo ishirahamwe arongoye ari ibisanzwe kuko mu ntwaro rusangi ariko bimeze imirwi yemera iki canke itayemera uyisanga ahantu hose.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ejo ku wa kabiri ku musi hugururwa indwi yahariwe abarundi baba mu mahanga,Japhet Legentil yavuze ko akari mu mpene ariko kari no mu ntama kandi imirwi itumva kimwe ivyiyumviro uyisanga hose,kubwiwe ikiza imbere aruko aho zina murundi ari yokorera igihugu camwibarutse kuko intererano yabo ari ntangere.

Japhet Legentil yasavye abarundi baba mu mahanga batashoboye gushika mu Burundi muriyi ndwi yabahariwe kuza kugendera igihugu cabo.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Busurahende 2018-07-25 23:21:02

Reka sha reka, wibaza yuko ari wewe Murundi ukunda igihugu cawe kurusha abandi? Ndazi neza ko hari Abarundi benshi bakunda Uburundi mugabo batazi ivyo iryo shirahamwe ryawe rikora

Kumenyekanisha