’’Iyo ntsinze ni abarundi bose baba batsinze’’ - Francine NIYONSABA

1 6-03-2018 - saa 13:20, IGIHE

Umunonotsi w’umurundikazi Francine NIYONSABA yakiriwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 6 Ntwarante 2018, avuye mu gihugu c’Ubwongereza. Agishika ku kibuga c’indege yavuze ko umudari w’inzahabu yaronse ku munsi w’Imana igenekerezo rya 4 Ntwarante 2018, ari umudari w’igihugu.

Umunonotsi Francine NIYONSABA yabwiye abamenyeshamakuru bari bagiye kumutegera ku kibuga c’indege, ko iyo atsinze ihiganwa ryo kwiruka, aba ari abarundi bose n’igihugu cose gitsinze.

Francine NIYONSABA amenyesha ko ivyo akora n’ingene yigenza mu mahiganwa, bishobora kubera akarorero keza abandi banonotsi.

JPEG - 48 ko
Francine NIYONSABA yakiriwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura

Umunonotsi Francine NIYONSABA yaronse umudari w’inzahabu, abaye uwa mbere mu kwiruka imetero 800, mu munota umwe, amasegonda 58 n’ivy’ijana 31, mw’ihiganwa ryabereye mu gisagara ca Birmingham, mu gihugu c’Ubwongereza.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Egide Ntakirutimana 2018-03-07 19:24:24

Francine Niyirambire Araduhesheje Agaciro Twebwe Abarundi.

Kumenyekanisha