Ivyo Nizzo yemereye SatB ntiyabikoze

0 2-11-2017 - saa 14:54, IGIHE

SatB yashize ahabona aka video aho yibuka umuririmvyi mugenzi we avuga ko babanye mu bihe vyiza na bibi. Nizzo ivyo yemereye SatB muri iyo video ntiyabikoze.

SatB yasohoye video yafashe ubwiwe ari kumwe n’umuririmvyi Nizzo Kaboss wo mu gihugu c’Urwanda. Iyo video nyene iherekejwe n’ubutumwa bukurikira :" Mu nzira zanje mwese muzi narashoboye guhura n’umuvandimwe twabanye mu bihe vyiza na bibi umwitonzi Nizzo Kaboss @nizzomuhamed01."

Muri ubwo butumwa yahaye abakunzi biwe, SatB yabwiye Nizzo ati :"Ndamuteye surprise ivyishimo biturenze ubuntu bwinshi muri kumwe." Iyo video biboneka ko SatB yayifashe igihe yariko yitegurira gutahuka mu gihugu ciwe.

Mu majambo bayaze muri iyo video, SatB yamenyesha ko agira atahuke i Burundi, Nizzo nawe agasa nk’uwutanga intasho ku Barundi, akanemera ko agiye kuzoza gushigikira SatB. Ivyo Nizzo yemereye SatB n’abakunzi biwe eka bakaba n’abakunzi biwe (Nizzo), ntiyabishikanye.

Muri iyo video yari yavuze azoza gushigikira SatB k’umunsi wo gusohora urukurikirane rwiwe, ariko ntiyahashitse. Igiteramo co gushira ahabona urwo rukurikirane cabaye mu mpera za Kigarama umwaka w’i 2016.

Tubibutse ko umuririmvyi Nizzo avuka mu gihugu c’ Urwanda, bakaba barakoranye ururirimbo na SatB rwakunzwe cane mu Burundi no mu Rwanda bise " Generation Moto Moto", yasohotse muri Nyakanga umwaka w’i 2016.

Raba aha munsi amajambo Nizzo na SatB bayaze imbere y’uko uwo wanyuma ataha.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha