
Umushikiranganji w’inkino n’imico kama Pelate NIYONKURU, amenyesha ko kuva kw’igenekerezo rya 1 Ruheshi 2018, urwego rwose ruzokenera gukoresha ibikorwa mvabwenge ruzoba rufise uruhusha rwa nyeNE gukora ico gikorwa, rukariha kandi uburyo bujanye no gukingira ibikorwa mvabwenge OBDA.
Mw’itangazo umushikiranganji w’inkino n’imico kama yashize ahabona, amenyesha ko iyo ngingo igiye gushirwa mu ngiro, mu ntumbero yo guteza imbere imico no kuyigira ishimikiro ry’iterambere rirarama ry’igihugu.
Umushikiranganji Pelate NIYONKURU, amenyesha ko uwutazokwubahiriza iyo ngingo azohanwa hisunzwe amategeko akingira ibikorwa mvabwenge n’amategeko y’igihugu.
Ikigo OBDA cashizweho n’itegeko ry’umukuru w’igihugu inomero 100/237 ryo kw’igenekerezo rya 7 Mukakaro 2011
Murakoze kwama muduha udukuru dushasha, hama kubadatahura iryo jambo rivuga ngo IBIKORWA MVABWENGE bisigura iki? nivyihe bikorwa nk’akarorero. murakoze.