Itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru ryemejwe n’inama nkenguzamateka

0 16-08-2018 - saa 20:56, vianney

Inama nkenguzamateka yize yongera iremeza kuruno wa kane igenekerezo rya 16 Myandagaro 2018,integuro y’ibwirizwa rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru kubijanye n’itangwa ry’ikarata ku bamenyeshamakuru.

Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru,Serges NDAYIRAGIJE yamenyesheje ko imvo n’imvano y’iryo tegeko ari kugira ibikorwa mwuwo mwuga vyisunge amategeko y’igihugu n’amategeko mpuzamakungu bibone gufasha umumenyeshamakuru mu kazi kiwe ka misi yose.

Bimwe mu bibazo abakenguzamateka babajije bijanye nukumenya igituma mu gihugu ata shure ryigisha ibijanye no kumenyesha amakuru ririho hamwe nikiriko kirakorwa kugira rishirweho.

Umushikiranganji Serges NDAYIRAGIJE yishuye ko aza yaravuganye n’umushikiranganji ajejwe inyigisho z’amashure ya Kaminuza kugira iryo shure rishirweho.

Iyo nteguro y’ibwirizwa yemejwe n’abakenguzamateka ijana kw’ijana n’abakenguzamateka 32 bari bitavye hamwe na 6 bari batumye.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha