
Inama nshingamateka yize yongera iremeza kuruno wa gatatu igenekerezo rya 24 Gitugutu 2018,integuro y’itegeko rigenga amafaranga yo kubaka ibarabara inomero 3 ry’ibirometero 52 riva mu ntara ya Rumonge gushika i Nyanza Lac.
Umushikiranganni w’ikigega ca Reta yari yitavye inama nkenguzamateka kugira asigure imvo n’imvano y’iryo tegeko,Domitien NDIHOKUBWAYO yamenyesheje ko uwo mugambi w’iryo barabara rishaka kubakwa biri mu ntumbero yo kugabanya ibiciro vyo kwiyunguruza na cane cane ku vyimburwa bigiye mu yindi mihingo y’igihugu bivuye murivyo bice hamwe no mu ntumbero yo kunagura umutekano mu mabarabara.
Inyuma yo kurica hirya no hino,iryo tegeko ryaciye ryemezwa ijana kw’ijana n’abashingamteka bari bitavye ibikorwa mu ngoro y’amakoraniro.
nivyizacane nanje biranejereje.
Andika hano jewe kubwanje ndabashimiye kubudyo abobampfasoni babakuru bibihugu batanguje iyonama. baze bigire hamwe nibijanye nizindi ngwara.
Jewe Ndashimye Cane Uwomugambi Wokubaka Ibarabara R N3 Rumonge Nyanza-lac Tukizerako N’ibiciro Vyokwiyunguruza Bigiye Kugabanuka Kanda N’amasaha Y’urugendo Akaba Make Ugereranije Nubu.