Itegeko rigenga abatagira ubwenegihugu ryemejwe n’inama nshingamateka

0 19-09-2018 - saa 19:36, vianney

Inama nshingamateka yize yongera iremeza kuruno wa gatatu igenekerezo rya 19 Nyakanga umwaka wa 2018,integuro y’itegeko rigenga abatagira ubwenegihugu n’ingene ibitigiri vy’abo vyogabanuka.

Umushikirangaji w’intwaro yo hagati mu gihugu yarigusigura abashingamateka imvo n’imvano y’iryo tegeko yamenyesheje ko iryo tegeko rizofasha kugira ibihugu bifate abatagira ubwenegihugu visunze amategeko hamwe no gushobora kumenya ababa mu bihugu vy’abo batagira ubwenegihugu mu ntumbero yo kumenya yuko baronswa ivyo barekuriwe n’amategeko.

Inyuma yo guca hirya no hino iryo tegeko ryaciye ryemezwa ku majwi 106 y’abashingamateka.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha