Ishirahamwe SIEPE ryatunganije igiteramo Miss and Mister Fashion

1 4-01-2018 - saa 15:53, IGIHE

Ishirahamwe SIEPE (Société d’importation et de Promotion évenementielle), ricishije mw’ihiganwa ry’intambuko z’inkumi n’imisore mukwerekana ubwiza, inyambaro, ryateguye igiteramo ciswe Miss and Mister Fashion Burundi. Ico giteramo kizoba kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 6 Nzero 2018, kuri Pasta Comedia.

Samuel NSEMEZIMANA, ajejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe SIEPE, amenyesha ko iryo shirahamwe ryifuza guteza imbere abakiri bato bafise ingabire zitandukanye, mu ntumbero yo kubafasha gushira ahabona ingabire.

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru, Samuel NSEMEZIMANA, , amenyesha ko intumbero y’abo ari iyo guhindura ivyiyumviro ku rwaruka rufise ingabire, ariko ntibazikoreshe.

Avuga ati « Tugiye guha umwanya n’akaryo abakiri bato, bafise ingabire zitandukanye kugira bigaragaze, berekane ko bashoboye. »

Ku rwaruka ruzoba rwitabiriye ico giteramo, Samuel NSHEMEZIMANA amenyesha ko batazobata ihiganwa riheze, ahubwo ko bazokwama bababa hafi bakabaherekeza mu migambi bazoba barimwo.

Abazokwitaba iryo higanwa ryo gutambuka bose hamwe ni 30, abahungu 15 hamwe n’abakobwa 15.Haritezwe n’urundi rwaruka rufise ingabire zitandukanye nk’abaririmvyi, abacafyi, abagira magie, n’ubundi buhinga butandukanye.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
vivi.keza 2018-01-04 21:15:38

turashima

Kumenyekanisha