
Pierre Claver NIZIGIYIMANA arongoye ishirahamwe risanzwe rihingura umukara mw’iyarara « Urunani Dutezanye imbere » amenyeshako ibikorwa barangura mw’ishirahamwe ryabo bifasha kugwanya amayarara yibonekeza hirya no hino mu gisagara ca Bujumbura.
Pierre Claver NIZIGIYIMANA avuga ko iyarara rishobora kuvamwo ibintu vyinshi bitandukanye na cane cane nk’amakara ,umwavu,ibizuku n’ibindi bishobora gufasha mu buzima bw’abanyagihugu.
Uyo arongoye iryo shirahamwe asaba reta kubafata mu mugongo mu kubaronsa uburyo n’ ibikoresho bakenera mu bikorwa vyabo kugira umwimbu w’ivyo barangura ushobore kwiyongera .
Pierre Claver NIZIGIYIMANA avuga ko ubwo bushakashatsi babutanguye inyuma yaho uwahoze ari umushikiranganji Augustin NSANZE yabubamenyesheje avuye mu gihugu ca Madagascar aho abantu batari bake batunzwe nuwo mwunga wo guhingura umukara uvuye mw’iyarara.
Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!