Ishengero Methodiste Libre ryatanze intererano y’amatora ya 2020

4 21-06-2018 - saa 12:29, IGIHE

Ishengero Methodiste Libre mu Burundi ryatanze intererano y’amatora y’umwaka wa 2020 kur’uyu wa kane igenekerezo rya 21 Ruheshi 2018. Iyo ntererano yatanzwe ingana n’imiriyoni 20 z’amafaranga y’amarundi.

Ayo mafaranga yatanzwe n’uwuserukira ishengero Methodiste Libre mu Burundi imbere y’amategeko, Deogratias NSHIMIRIMANA, mw’ibanki Nkuru y’igihugu, ku cicaro gikuru i Bujumbura, ari kumwe n’abarongozi b’ishengero.

Mw’ijambo yashikirije inyuma yo gutanga iyo ntererano, Musenyeri Deogratias NSHIMIRIMANA yavuze ko berekanye ko igihugu ari ica bose atawe gicagura kubera idini avamwo, kandi ko iterambere ry’igihugu riraba umurundi wese.

Musenyeri Deogratias NSHIMIRIMANA yavuze ko, igihe basaba kwemererwa gukorera mu Burundi, biyemeje gufasha mw’iterambere ry’igihugu, ari naco gituma bakoze ico gikorwa.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
kigabo 2018-08-15 09:47:59

BANYAMADINI MURAMBABAZA CYANE. MUZI LETA ICYO ARI CYO ??? NI ABANZI B’UBWAMI BWA MESSIYA. MWITONDE KUKO NIMUBURA UBWENGE IMANA IZABAREKA.

2
mvuzi jonas 2018-06-23 07:55:07

Aaaaahhhh Abatuganza bavuze bati : Ica naka woca ubikora wewe ? Nibaza ko ngaho uhihendeye cane.

3
Emmanuel bi 2018-06-22 18:49:51

SINDAGUHOY ICIYUMVIRO NUBURENGANZIRA BWAW KANDI NI CIZA ARIKO HANDITSW NGO<MUGAMBURUKIR ABABAGANZA>

4
mvuzi jonas 2018-06-22 11:04:06

Jewe rimwe rimwe hari ibintu ntatahura : 1. Guterera ni ngombwa abantu bose bamenye ko waterereye n’ico waterereye uwufise urubanza ? 2. Nivyo baterereye, mbega ko katorika yabikoze ntibije ahabona ivyo yakoze ntibishimwa ? 3. Ubwo iyo ntererano ingana ukwo mutanze ntabayoboke banyu ari nabo bitanga bakemera kurara ubusa barondera ijuru mu gutanga ariko uno munsi ingaruka ziyo ntererano zitazobashikako kuko ari mwebwe muzokwironkera ibiti muri Reta ? 4. Iyo ntererano mutanze iyo muyiguramwo ivya nkenerwa mukaja gufasha abagowe mu mashengero yanyu ntivyari kugira akamaro kurusha n’Imana ikabashimira kurushimiriza ? Ku bwanje iyo ntererano mwatanze nta ciza izanira abanyeshengero banyu ahubwo mwebwe nyene mufise ivyo mwironderera mushaka gushikako !! Ibuka abayoboke banyu bitanga kugira muronke ibitoro vy’imodoka zanyu !! Kuberiki abantu mutera mwigirwa inyuma y’ubugombe bw’Imana ??? Iyo ntererano iyo muyikoresha mu kwubakira abapfakazi canke impfuvyi naho nyene mwari kuba muterereye mw’iterambere !!

Kumenyekanisha