Ireresi yateguwe na Ibra Kwizera yasubiriye kuja mw’ihiganwa mpuzamakungu

2 30-08-2017 - saa 14:07, Egide NDUWIMANA

Ibra KWIZERA yakoze ireresi "Ashley" avuga ko uusubira mw’ihiganwa kw’iyo reresi kwabaye nk’igitangaza kuko yari imaze guhiganwa ahantu henshi, ikaba kandi iya kera. Kugira ibikorwa vy’abanyamyuga b’Abarundi bishirwe ku rwego mpuzamakungu, bisaba ko umuhinga amenya ico ariko arakora n’aho ashaka gushika, nk’uko bivugwa n’uwo yakoze iyo reresi.

Mw’ihiganwa ry’amareresi ririko ribera mu gihugu c’Ubuganda (Uganda Film Festival), harimwo ireresi yateguwe n’umurundi Ibra Kwizera. Ireresi "Ashley" iri mu mareresi atari make arindiriye gutorwamwo iyizoba iya mbere ku munsi wa nyuma w’ihiganwa.

Ibra Kwizera avuga ati: "Naratangaye cane numvise ko "Ashley" isubiye mw’ihiganwa inyuma y’imyaka ibiri isohotse, inyuma kandi y’ubushimwe butandukanye imaze kuronka hirya no hino kw’isi".

JPEG - 83.2 ko
Ibra KWIZERA

Mu gihe hari abidoga ko ibikorwa vy’abanyamyuga b’Abarundi bidashika ku rwego mpuzamakungu, Kwizera Ibra siko abibona.

"Ntawari akwiye kwidoga kuko kugira umuntu atere imbere arinda kumenya ico ariko arakora, ico akeneye gushikako, eka no kwihangiro afise".

KWIZERA Ibra ahanura bagenziwe ko gukora ikintu bisaba kugira ubumenyi bw’ico uriko urakora.

"Ubwiza bw’ikintu ntibuhishwa, naho hoba abadashaka".

Ibra avuga ko n’ubutumwa bw’ireresi "Ashley" nabwo bwoba butuma ikundwa. Ubwo nabwo si ubundi, ni ububegito bw’abavyeyi barenga ibigo, ingaruka mbi zikazingamika abana.

Tubibutse ko ireresi "Ashley" imaze kwitaba amahiganwa yo muri Tanzaniya, mu Burundi, Uganda, Burkina Faso, Cameroun, na Amerika. Tubibutse kandi ko umunsi wa nyuma w’ihiganwa ari kw’igenekerezo rya mbere Nyakanga.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

7668 0 16-08-2017
Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
X-ray 2017-08-31 13:24:36

Imana ikuje imbere musore,nagize amahirwe yokuyibona hirya y’umugabane wacu,yaremeje abantu benshi bivanye n’ubutumwa bwuzuyemwo bw’ukuri,ndizera kandi ndakwijeje ko no my myaka 10 izoba ikirimwo akanovera kubuhanga wakoresheje,abarundi murabahanga,terimbere sha...

2
nephtalie 2017-08-31 09:04:08

Tumwipfurije kuzotsinda iryo higanwa kanatsinda mu irerresi yiwe yasizemwo ibintu mbona vyukuri bikunze kuba mu bihugu vyinshi vyo kw’isi ndizera ko atankeka azotsinda iryo higanwa.

Kumenyekanisha