Integuro y’amafaranga Reta izokoresha muri 2018/2019 ku rutonde rw’ivyizwe mu nama nshikiranganji

0 12-06-2018 - saa 14:54, IGIHE

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yaremesheje inama nshingiranganji mu gatondo ko kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 12 Rusama 2018. Ku rutonde rw’ivyizwe, hariko integuro y’amafaranga Reta izokoresha mu mwaka wa 2018 ushira uwa 2019, hamwe n’itunganywa rishasha ry’ingene ubushikiranganji bukora.

Abashikiranganji 12 nibo batanze integuro z’amategeko agenga itunganywa gushasha n’ibikorwa vy’ubushikiranganji barongoye.

Muri ubwo bushikiranganji, harimwo ubushikiranganji bwo kwegereza ubutegsti abanyagihugu n’ugutunganya gushasha inzego, ubushikiranganji bw’amaposita no gutumatumanako amakuru bwagabuwemwo kubiri, hamwe n’ubushikiranganji bw’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, bwavuye mu bushikiranganji bw’indero, amashuri ya kaminuza n’ubushakashatsi.

Muri iyo nama, abashikiranganji barabiye hamwe kandi utuntu n’utundi.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha