Intamba mu rugamba zirahiye umurwi nserukiragihugu wa Sudani y’Epfo

2 16-11-2018 - saa 20:53, vianney

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba uhejeje kuronka amanota 3 inyuma yo kwirahira umurwi nserukiragihugu wa Sudani y’Epfo mu kuwutsinda ibitsindo 5 kuri 2 vya Sudani y’Epfo mu nkino zo kurondera itike yo gukina ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu yo k’umugabane wa Afrika zizobera mu gihugu ca Cameroun mu mwaka uza wa 2019.

Mur’urwo rukino rwabereye i Djouba ku murwa mukuru w’igihugu ca Sudani y’Epfo,igitsindo ca mbere c’intamba mu Rugamba cinjijwe n’umukinyi Fiston Abdul Razak ku munota wa 25 w’urukino,igitsindo ca kabiri cinjizwa n’umukinyi Amissi Cedric ku munota wa 45 w’urukino ibindi bitatu bisigaye vyinjizwa kandi na Fiston Abdul Razak ku minota ya 76,86 hamwe no ku munota wa 87.

K’urukino rwa mbere rwabereye i Bujumbura Uburundi bwari bwatsinze igihugu ca Sudani y’Epfo ibitsindo 3 k’ubusa bwa Sudani gushika ubu Uburundi bukaba bukwije amanota 9 aho busigaje urukino rumwe ruzogihuza n’igihugu ca Gabon.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Joel 2018-11-17 22:35:03

Bakomere cane

2
Sylvain mjumbe 2018-11-17 20:46:31

Komera bana buburundi turacasigaje intambwe imwe kugira icotwiyemeje kugiradutere iteka Uburundi na Barundi tukirangize

Kumenyekanisha