Ingwara ya Korera yateye mu ntara ya Cibitoke

2 11-01-2017 - saa 10:05, Egide NDUWIMANA

Ingwara ya Korera yasubiriye kwibonekeza muma komine atandukanye y’intara ya Cibitoke, aho abagera ku 135 aribo bamaze gufatwa. Bamwe muri abo barwariye muhira, abandi bakaba bari mu bitaro.
Komine asinzikajwe cane n’iyo ngwara ni Rugombo, anajejwe intwaro bakavuga ko ituruka ku banyagihugu bataratahura akamaro k’isuku hamwe n’ukwimba utuzu twa surwumwe.
Bamwe mu banyagihugu bo muri iyo komine baracituma mu mashamba, imvura iguye igaca itwara uwo mwanda mu nzuzi zisanzwe zivomwamwo (...)

Ingwara ya Korera yasubiriye kwibonekeza muma komine atandukanye y’intara ya Cibitoke, aho abagera ku 135 aribo bamaze gufatwa. Bamwe muri abo barwariye muhira, abandi bakaba bari mu bitaro.

Komine asinzikajwe cane n’iyo ngwara ni Rugombo, anajejwe intwaro bakavuga ko ituruka ku banyagihugu bataratahura akamaro k’isuku hamwe n’ukwimba utuzu twa surwumwe.

Bamwe mu banyagihugu bo muri iyo komine baracituma mu mashamba, imvura iguye igaca itwara uwo mwanda mu nzuzi zisanzwe zivomwamwo n’abanyagihugu begereye aho ziri izo nzuzi.

Abajejwe intwaro bahanura abanyagihugu ko bokurikiza amabwirizwa y’isuku, bongere bimbe utuzu rwa surwumwe mu mihana yabo, badukoreshe neza, banatugirire isuku.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
meli 2017-04-09 23:40:10

cibitok niko yabaye izo ngwara ziterwa ninzoga bita urugonbo zikorerwa iwabo

2
Intare 2017-01-12 08:42:48

Ndebera cyagihugu gihangana n’u Rwanda,Cholera muri 2017 ?

Kumenyekanisha