Ingingo yari yafatiwe urushengero rwa Pantekoti muri Komine Nyanza-Lac yahagaritswe

3 13-07-2017 - saa 12:01, Egide NDUWIMANA

Buramatari w’intara ya Makamba yafashe ingingo y’ukwugurura kuva kuri uwu wa kane urushengero rwa Pantekoti rwo muri iyo komine rwari rwugawe ku mvo z’ugukingira umutekano w’abakirisitu basengera muri urwo rusengero. Buramatari wa Makamba yabwiye ikinyamakuru IGIHE ko amatohoza abandanya ku vyagirizwa abarongozi b’urwo rushengero.

Iyo ngingo yafashwe inyuma y’inama yabaye hagati y’abajejwe intwaro mu ntara ya Makamba, hamwe n’abaserukira urushengero rwa Pantekoti.

Gad NDAGIJIMANA, Buramatari w’intara ya Makamba amenyesha ariko naho urwo rushengero rwo muri komine Nyanza-Lac rwuguruwe, amatohoza abandanya ku vyagirizwa abarurongoye.

Intango y’ukutumvikana kwibonekeza kuri urwo rushengero ni abakirisitu bagiriza ababarongoye ko batubahiriza amategeko y’urushengero, kandi ko banyonyeza amatunga y’abo bajejwe.

Nk’uko bivugwa na bamwe mu basengera muri urwo rushengero, ako kajagari kibonekeje inyuma y’aho abakuru b’urwo rusengero bahezagiye ubugeni bw’abantu babiri, umugabo n’umugore bompi basanzwe bafise abo bari bubakanye.

Abasengera aho bakavuga kandi ko abakuru babo basesaguye bakongera bakanyuruza amafaranga y’ubutunzi rusangi rw’urwo rusengero.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Eliphaz 2018-01-03 14:21:38

IMANA izigame abakozi bayo

2
Eliphaz 2018-01-03 14:15:20

IMANA izigame abakozi bayo

3
Muryango D. 2017-07-13 14:48:55

Iyo sanamu mukoresha ku’iyo nkuru s’iy’ishengero rya Pentecote Nyanza Lac, mwoyihindura. Urwo n’urushengero rwa Gishiha. Murakoze

Kumenyekanisha