Indoneziya: Abantu 832 bahitanywe n’ikinyamugigima

1 1-10-2018 - saa 12:48, vianney

Reta y’igihugu ca Indoneziya yamenyesheje yuko abantu bangana 832 nibo baharurwa ko aribo bamaze guhitanwa n’ikinyamugigima cabaye ku musi wa gatanu w’indwi iheze.

Amakuru dukesha BBC amenyeshako abakora mu gisata co gutabara ibiza bavuga ko ico kinyamugigima catumye haba umuyaga Tsunami kugeza aho amazi yateye gushika ku metero zitandatu z’uburebure.

Icegera c’umukuru w’igihugu wa Indoneziya Jusuf Kalla yamenyesheje konigitigiri c’abantu bapfuye gishobora kwiyongera umwanya n’umwanya kuko nubu bakibandanya kurondera aboba baguye mu nzu zabomotse.

Umukuru w’igihugu wa Indoneziya Joko Widodo yishikiye murako gace kugarukira ku banyagihugu bahuye n’ivyo vyago vy’inkinyamugigima aho yagendeye cane akaba ari mu bice bikunda kugenderwa n’ingenzi.

Mu Ntango z’uyu mwaka wa 2018 niho haheruka guca ikinyamugigima gikomeye muri Indoneziya kikaba cahitanye ubuzima bw’abantu 550 bo mu bice vya Lombok hamwe na Sumbawa.

Ikinyamugigima kimaze gihitana abantu benshi murico gihugu nico mu mwaka wa 2004 aho cahitanye abantu bangana ibihumbi 220.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Manweri Nyabenda 2018-10-07 22:08:43

Andika hano Ndahojeje Imiryango Yabuze Nigihugu Ca Endoneziya Mwihangane Mwizere Imana Yo Muhoza.

Kumenyekanisha