Indirimbo za Bob Marley ziracakunzwe inyuma y’imyaka 37 yitavye Imana

1 11-05-2018 - saa 09:13, IGIHE

Uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 11 Rusama, abakunzi b’umuziki na cane cane abakunzi b’umudiho wa Reggae baribuka umuririmvyo Bob Marley afatwa nk’umwami w’uwo mudiho.Inyuma y’imyaka 37 yitavye Imana, abatari bake baremeza ko indirimbo za Bob Marley zidata uburyohe, kubera ubutumwa bukomeye yatanga mu ndirimbo ziwe.

Bob Marley kw’izina ryiwe ry’ukuri Robert Nesta Marley, yavutse kw’igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 1945, i Nine Miles,mu gihugu ca Jamaica.

Bob Marley yararirimye indirimbo nyinshi, harimwo izakunzwe cane ziri mu nkurikirane z’indirimbo, nka Exodus yasohotse mu mwaka wa 1977, Kaya yasohotse mu mwaka wa 1978,Uprising yasohotse mu mwaka wa 1980, Catch a Fire yasohotse mu mwaka wa 1973 na Ganja Gun.

Bob Marley yitavye Imana kw’igenekerezo rya 11 Rusama 1981 i Miami, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ahitanywe n’indwara ya Cancer yo ku rukoba.

Bivugwa ko Bob Marley yoba yitavye Imana amaze kuvyara abana nka Damian Marley, Ziggy Marley, Stephen Marley, hamwe n’abandi batibonekeza cane.

Indirimbo Africa Unity (Ubumwe bwa Afrika) :

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Amadu Kayitare 2018-05-11 22:39:45

Kuri Mugisha Van Naris wanditse iyi nkuru, ngo :"Bob Marley yitavye Imana kw’igenekerezo rya 11 Rusama 1981 i Miami, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ahitanywe n’indwara ya Cancer yo ku rukoba.
Cancer yo k’urukoba ntiyica,haba namba.Aruko abazungu bayifise ni benshi batarapfa !Ukuri ni uko yishwe na cancer yatezwe na CIA.Bisome aha n’uwayimuteze aravyiyemerera.Ng’ibi aha : https://yournewswire.com/cia-agent-deathbed-bob-marley/

Kumenyekanisha