Denise NKURUNZIZA yatanguje Inama y’abatambukanyi b’abakuru b’ibihugu vya Afrika

8 25-10-2018 - saa 17:06, vianney

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Denise NKURUNZIZA yatanguje kuruno wa kane igenekerezo rya 25 Gitugutu 2018 inama y’ishirahamwe ry’abatambukanyi b’abakuru bibihugu vya Afrika mu ruganda rwo kurwanya ingwara y’umugera wa Sida.

Muriyo nama yatumganijwe n’ishirahamwe OPDAS Burundi rirongowe n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu Denise NKURUNZIZA rifise umugambi wo gushika mu mwaka wa 2030 aho ata mwana azoba akivukana umugera wa Sida.

Iyo nama yabereye mu Vyegwa mu ntara ya Ngozi ikaba yitabwe n’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca Zambiya Esther Lungu,umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ca Repuburuika ya Afrika yo hagati Tina Marguerite Touadera abagore babayobozi bakuru bakuru mu gihugu hamwe n’abandi.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
IRUTINGABO 2018-11-01 20:23:44

amaraso yo baracayava!rira wihorere karenga,satani yarahagurukiy muri modernité.ntitwibagire na ressources dispo aux foyers,nahayo!

2
mertus 2018-10-28 13:21:05

kwer kumv mushak mwubak ibarabara ndanezerew can gusa naj ndakeny nofashj non mwihangane

3
mertus irakiza 2018-10-28 13:13:11

jew kwer numvarisaw icociyumvir nic

4
Nduwimana Abdul Majid 2018-10-27 19:01:53

Mwiriw Neza Barundi Benewacu,umupfasoni Wumukuru W’igihugu Ndamushimiy Cane Kugikorwa Batanguke,namusabako Yoreba Akarekura Abanyororo Bafungiwe Muma Prison Atandukanye Bagendana Umugera Wa Sida,batahe Baje Gukurikiza Impanuro Zabaganga,murakoze.

5
Busurahende 2018-10-27 04:54:21

Ndabona ari vyiza, Africa yose igiye kwambara umutamana wa CNDD/FDD mugabo inzara n’ubukene vyose biracafise imisi vyiziziye uyu mugabane w’isi.

6
kabuga 2018-10-26 15:33:46

ikintera ubwoba kuri Denisw Nkurunziza nuko ari mu bahimiriza abakenyezi gukoresha bwa buhinga bwo kuvyara bake( Imana iravyanka kandi izomuhana) kandi muri afrika azi neza ko bapfa kuvugagura batanaravye ibihuye n’umuntu. abakenyezi bacu ntitugitweruka kubabira kubera baguma bava amarasourudacika n’izindi ngaruka nyinshi abaganga biyibagiza kugira bicire akanoto.
Imana iraje kubikura.

7
lg 2018-10-25 20:32:53

Nibyiza ko abadamu cyane cyane a bakomeye guhagurukira, ikibazo cya sida.kuko nibo bafite ijambo ryumvikana kuko a bambere bagira ibibazo nabadamu nabana bayivukana bashyiremo imbaraga bizarengera abana benshi

8
Manweri Nyabenda 2018-10-25 19:38:13

Andika hano Nyakubahwa Mufasoni Wumukuruwigihugu Deniza Nkurunziza Amahoro Mugire Ibikogwavyiza Imana Ikomeze Kubaronsa Ubwenge Nokubazigama Murakoze.

Kumenyekanisha