Inama nkenguzamateka yemeje umurwi mushasha w’abantu 7 ujejwe gutunganya amatora

2 29-08-2018 - saa 15:41, vianney

Inama nkenguzamateka yemeje kuruno wa gatatu igenekerezo rya 29 Myandagaro umwaka wa 2018,abantu 7 bagiye kugira umurwi mushasha ujejwe gutunganya amatora CENI(Commission Electorale Nationale Independante).

Abari muruyo murwi mushasha ujejwe gutunganya amatora batanzwe kugira bemezwe muriyo nama nkenguzamateka ni Annociate NIYONKURU w’umututsikazi,Jean Anastase HICUBURUNDI umuhutu avuka mu gisagara ca Bujumbura,Hyacinthe NIYONZIMA umututsikazi wo mu ntara ya Kayanza,Serges NDAYIRAGIJE umututsi,Muganga Pierre Claver KAZIHISE umuhutu wo mu ntara ya Mwaro,Philippe NZOBONARIBA w’umuhutu hamwe na Maggy KAMANA umuhutukazi wo mu ntara ya Bubanza.

Abo bose uko ari 7 bemejwe ijana kw’ijana n’abakenguzamateka 34 bari bitavye ico gikorwa hamwe na 5 bari batumye.

Uwo murwi mushasha ujejwe gutunganya amatora CENI ugiye kugirwa n’abahutu 4 abatutsi 3 bose bagizwe n’abagabo 4 hamwe n’abagore 3.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
bigabo 2018-09-12 12:29:40

Kwitwa umuhutu(kazi) canke kuba umututsi(kazi) birabamariyiki, mwoba mubifungura mu mfungugwa?

2
NIKENGURUKWE Zabulon 2018-08-30 18:24:17

nukuri turabishimye cane.abanyepolitike hasigaye twoja ku kivi tukegera abanywanyi bacu tukiyamiriza twese abashaka guta igihugu cacu mu manga.abazoza nabi tuzobamesa,abaje neza tuzobakira

Kumenyekanisha