Inama nkenguzamateka yasozeye ibikorwa vy’isasa vya myandagaro

0 31-10-2018 - saa 14:51, vianney

Inama nkenguzamateka yasozeye kuruno wa gatatu igenekerezo rya 31 Gitugutu umwaka wa 2018 ibikorwa vyayo vy’isasa ry’ukwezi kwa Myandagaro umwaka wa 2018 bimwe mu vyakozwe niyo nama nkenguzamateka murico gihe hakaba harimwo kwemeza integuro z’amabwirizwa.

Mw’ijambo ryiwe ryo gusozera iryo sasa ry’ukwezi kwa munani,umukuru w’inama nkenguzamateka Reverien NDIKURIYO yamenyesheje ko muriryo sasa bemeje integuro z’amabwirizwa 8 ku nteguro 17 reta yari yarungikiye inama nkenguzamateka.

Reverien NDIKURIYO yavuze ko ibindi baranguwe muri ico kiringo ari gukwirikirana ingene amabwirizwa bemeza ashirwa mu ngiro ,kugendera abanyagihugu mu makomine atandukanye mu ntumbero yo kubahimiriza kwijukira ibikorwa hamwe n’icegeranyo basize ahabona cerekeye ingene inyubako mu gisagara ca Bujumbura zubatswe zitisunze amategeko.

Uyo mukuru w’inama nkenguzamateka avuga ko mu buruko bagiyemwo bazobandanya ibikorwa vyo gusuzuma ko itunganywa ry’ibisagara rikorwa hisunzwe amategeko,kubandanya bahimiriza abanyeshure kwirinda inda z’indaro hamwe no kuzokomeza igikorwa co guhimiriza abanyagihugu kwijukira ibikorwa vyo kwiteza imbere.

Inama nkenguzamateka izosubira gukorana mu bikorwa vyayo vy’isasa rya Kigarama kw’igenekerezo rya 3 Kigarama umwaka wa 2018.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha