Inama Nkuru y’Ubumwe isaba abarundi kuguma bafatanye mu nda mu butandukane bwabo

2 1er-06-2018 - saa 13:04, MUGISHA Van

Inama Nkuru y’Ubumwe no kunywanisha abarundi, CNUNR,imenyesha ko yiyamiriza umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubufaransa n’ayandi makungu, aho yemeje ko inkehwa z’abatusti bo mu Burundi zibangamiwe n’ibwirizwa nshingiro rishasha, igasaba abarundi kuguma bafatanye mu nda.

Mw’itangazo Inama Nkuru y’Ubumwe no kunywanisha abarundi yashize ahabona kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 1 Ruheshi 2018, imenyesha ko amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabaye mu mhoro n’umutekano mu gihugu cose.

Muri iryo tangazo, Inama Nkuru y’Ubumwe no kunywanisha abarundi, yibutsa ko amatora ava mu biganiro vyabaye mu gihugu cose kuvyerekeye ivyohindurwa mw’ibwirizwa nshingiro ryo mu mwaka wa 2005.

Inama Nkuru y’Ubumwe no kunywanisha abarundi, ivuga kandi ko, kubera amatora yabaye, abarundi berekanye igikorwa co gukunda igihugu, bereka amakungu kandi ko bashoboye kurwanira no guhagararira intambwe bashitseko y’intwaro rusangi.

JPEG - 212.8 ko
Abagize Imana Nkuru y’Ubumwe no Kunywanisha

Inama Nkuru y’Ubumwe no kunywanisha abarundi isaba amakungu gushigikira Uburundi mu gikorwa co kurondera amahoro, na cane cane mu kwirinda kuzura akaboze kacanishijemwo kandi kasinzikaje abarundi.

Mu kurangiza, Inama Nkuru y’Ubumwe no kunywanisha abarundi ihamagarira abarundi kuguma bafatanye munda mu butandukane bwabo, cane cane abatoye Ego n’abatoye Oya, na cane cane bagashira imbere inyungu z’igihugu, kuko ibwirizwa nshingiro ari iry’abarundi bose.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
mayugi 2018-06-12 08:47:50

Mbe ivyo bintu mwama muvuga kubatutsi nibiki murumva bidoga ?!Canke mubonaa bihoreye bikabatera ishavu n’amakenga. Guillaume reka kurya indya y’umugayo.

2
Jewe 2018-06-01 14:27:53

Mbega nagira mu Burundi abobarikwita banyamuke barikuba Abatwa ?
Ivyovyerekana ko babonyeko abantu boroshe kugumura noguhenda ari abatutsi, ariko ububaramaze kubamenya kwarabashaka kwama babateje inyankane hagati yayandi moko.

Kumenyekanisha