Imvubu yahora itembera ku nkengera za Tanganyika yarashwe n’abasirikare

1 24-11-2017 - saa 16:24, IGIHE

Imvubu yari imaze igihe itembera ku nkenera z’ikiyaga Tanganyika yishwe irashwe n’abajejwe umutekano inyuma y’umutaga wo kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 24 Munyonyo 2017.

Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko iyo mvubu yarashwe n’abasirikare bacunga Iradiyo n’imboneshakure vy’igihugu ku burenganzira bari bahawe n’ubushikiranganji bw’ibidukikije.

Iyo mvubu yari imaze iminsi itembera mu mabarabara ari ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika mu gace ka Quartier Asiatique, abanyagihuu bamwe baba muri ivyo bice bari batanguye kwibaza ko ishobora gukomeretsa abantu.

Iyo mvubu yari imaze kuronka izina ry’abantu kubera ukumenyera kugendera ahari abantu, ikaba yatazirwa Casimir.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Hafsa 2017-11-27 10:45:15

Genda Burundi utwawe n’ibisizimwe,DD ntakindi ishoboye atari ukwica,akamaramaza gusa

Kumenyekanisha