Imirwi izokina igice ca kabiri gishira ica nyuma mu gikombe c’umukuru w’igihugu yamenyekanye

0 31-05-2018 - saa 09:05, IGIHE

Imirwi Vitalo FC, Burundi Sport Dynanic, Delta Star na Olympic Star, niyo yaronse uburenganzira bwo gukina igice ca kabiri gishira ica nyuma, mw’ihiganwa ry’igikombe c’umukuru w’igihugu c’umwaka wa 2018.

Imirwi Olympic Star na Delta Star niyo yaronse ubwo burenganzira ubwa nyuma, inyuma ya Vitalo FC na Burundi Sport Dynamic.

Mu nkino z’igice ca kane gishira ica nyuma, umurwi Vitalo FC watsinze LLBS4 Afrika ku mapenariti 3 kuri imwe, Burundi Sport Dynamics utsinda Musongati FC ibitsindo bibiri ku busa, mu gihe mu zindi nkino umurwi Olympic Star watsinze Aigle Noir igitsindo kimwe ku busa, Delta Star utsinda Muzinga, ibitsindo bibiri ku busa.

Bitegekanijwe ko inkino z’igice ca kabiri gishira ica nyuma, zizob kuwa gatandatu igenekerezo rya 2 Ruheshi 2018, umurwi wa Vitalo FC uzokina na Burundi Sport Dynamic, Delta Star ukine na Olympic Star.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha