Imigenderanire y’Uburundi na Turkia igiye gukomezwa

0 18-06-2017 - saa 09:54, Egide NDUWIMANA

Igihugu ca Turkia ciyemeje gukomeza imigenderanire n’ugufashanya n’Uburundi mu bijanye n’iterambere.

Mu rugendo yakoze mu gisagara ca Ankara, mu gihugu ca Turkia, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Alain Aimé NYAMITWE yabonanye na mugenzi we Mevlut Cavuoglu ajejwe imigenderanire ya Turkia.

Muri uwo mubonano, abo bashikiranganji bompi barateye imikono ku masezerano y’ugufashanya mu bisata bitandukanye, cane cane uburimyi.

JPEG - 21.7 ko
Umushikiranganji Alain Aime NYAMITWE ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, ari kumwe na Mevlut Cavuoglu ajejwe imigendera ya Turkia

Umushikiranganji Cavuoglu yamenyesheje ko igihugu ca Turkia citeguriye gukomeza ubucuti bwaco n’Uburundi, hamwe n’ingendo zikorwa mu Burundi, biciye kw’ishirahamwe Turkish Airlines ryunguruza abantu n’indege.

Uwo mushikiranganji Cavuoglu yamenyesheje ko igihugu ca Turkia kigiye gukora ibishoboka vyose kugira Uburundi butere imbere, n’ingorane Uburundi burimwo zitorerwe inyishu.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha