Imbura amafaranga na Econet Leo

0 8-09-2017 - saa 17:09, Egide NDUWIMANA

Akataraboneka mu Burundi! Umuhora Econet Leo utanga amafaranga ku munywanyi wese ashizemwo ikarata y’ama inite. Ako karusho “Imbura amafaranga” kateguriwe abanywanyi bose ba Econet Leo kakabafasha kuronka amafaranga ku makonte yabo ya EcoCash uko binjije ikarata y’ama inite.

Hamwe n’Ishirahamwe Econet Leo bataziriye “Lumwanga” si agaseseshwa rumuri, ivyiza bibandanya gushwara abanywanyi. Nk’uko ishirahamwe Econet Leo ryama ritanga rititangiriye itama, n’ubu ryabazaniye “Imbura amafaranga”.

Si ivyimbeshere! Uko umunywanyi wa Econet Leo yinjije ama inite kuva kw’ikarata ya 300, 500, 1000, 2000, 5000, 10000 na 30000, Econet Leo imuronsa amafaranga kuri konte yiwe ya Ecocash. Kuva kwi 100, amafaranga aguma ajako kuri compte ya EcoCash y’umunywanyi, umwanya wose yinjije ikarata y’ama inite.

Mu gufyonda *131#, umunywanyi araheza akabona uturusho amaze kuronka, afyonze *141# abona ubutunzi afise kuri konte yiwe.

Ayo mafaranga umunywanyi aba yaronse kuri Ecocash, ashobora kuyakoresha mu :

- Kugura ama inite aciye kuri *444*3#

- Gusuma ku mudandaza wa Ecocash

- Kuriha canke kwiyabonesha nko muri Star times

- kurungikira amafaranga incuti n’abagenzi

- canke kuyatora ku mukozi wese wa Ecocash

Kugira muronke ivyiza bikwiye vy’ako karusho, raba urutonde rw’ivyo musabwa.

Shiramwo ikarata y’ama inite 300, 500, 1000, 2000, 5000, 10000 na 30000. Hama amahera azoza araja kuri konte gushika promotion iheze.

Uretse abanywanyi batarihira aho nyene ama inite “les clients post payés”, abanywanyi bose ba Econet Leo barafise uburenganzira bwo kuronka ako karusho.

Mufise ico mubaza, hamagara 100, kuri 444 canke murabe ku rubuga rwacu rwa Facebook, Twitter, Instagram

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha