Ikoh yahinduye ivyahora biyiranga

0 11-12-2017 - saa 17:03, IGIHE

Ikoh yahinduye icapa kiyiranga inyuma y’imyaka itari mike bagikoresha. Impamvu ngo ni kujana n’ibihe kandi abakunzi babo bakunda ibigezweho.

Inyuma y’imyaka itanu bakoresha icapa (Logo), Haruna yatumenyesheje ko hari hageze ko haboneka bishasha. Arongera akavuga ko bashatse kwerekana ubuhinga bushasha ’Creativite", bafatiye ku gihe bagezeko.

Haruna IKORICIZa avuga ko ikindi catumye bahindura iyo Logo harimwo kwerekana ko mu mugambi ’U’ll Love Changes Vol2" bakoze vyinshi vyiza.

Naho bir’uko, Haruna amenyesha ko iyo Logo nshasha izotangura gukoreshwa mu mwaka w’i 2018.

Tubibutse ko izo mpinduka zije mu gihe hasigaye iminsi mikeyi ngo Ikoh irangize umugambi "U’ll Love Changes Vol2". Mu kurangiza uwo mugambi, hariko hategurwa ibiteramo vy’agakura, bizobera mu ntara za Gitega, Makamba no mu gisagara ca Bujumbura, ku magenekerezo ya 22, 25, na 31 Kigarama umwaka w’i 2017.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha