’’Ikiza ca Ebola ntikirashika mu Burundi’’-Thadée NDIKUMANA

2 12-05-2018 - saa 08:35, IGIHE

Inyuma yaho ishirahamwe OMS ritaho amagara y’abantu kw’isi rimenyesheje ko indwara ya Ebola yasubiriye kwibonekeza mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida, amenyesha ko iyo ndwara atayirashika mu Burundi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 11 Rusama 2018, Muganga Thadée NDIKUMANA aramutswa ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida yavuze ko indwara ya Ebola ivugwa muri Kongo itayihari mu Burundi.

Muganga Thadée NDIKUMANA yamenyesheje ariko ko, ingingo zose zishoboka zamaze gufatwa kugira bakinge ico kiza, nticinjire ku butaka bw’Uburundi.

JPEG - 42 ko
Thadée NDIKUMANA, umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida

Iyo ndwara ya Ebola yatanguye kwibonekeza kuwa kabiri igenekerezo rya 8 Rusama 2018, aho abantu babiri babonetse bafise ibimenyetso vy’iyo ndwara, mu gisagara ca Bikoro, kiri mu Buraruko bushira Uburengero bwa Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Nyandwi Philippe 2018-06-09 06:39:04

Iyo Ngwa Ya Ebola Ifata Gute ? Mwotubwira Ibimenyetso Vyayo ?

2
Nahimana Athanase 2018-05-26 21:41:39

Yemwe Yemwe Mujejwe Amagara Yabarundi Namwe Mwese Murikuntwaro Turasavye Dushimitse Ngo Mube Mamaso Magabo Icokiza Ebola Ntikitwinjirane Tugatikira Narirya Abarundi Twugarijwe Nubukene !Dufashe Kuko Nimwe Duhanzamaso Nacanecane Kucungera Kubibe

Kumenyekanisha