Ikigo ISTEEBU kirabeshuza ko atabakozi baco batera umugera wa Sida

0 19-08-2018 - saa 09:52, vianney

Ikigo c’Uburundi kijejwe gutororokanya ibiharuro y’ubuzima bw’igihugu ISTEEBU kimenyeshako ata bakozi baco batera umugera wa Sida abo baba bagiye kuronderako ibiharuro.

Mw’ikete ubuyobozi bw’ico kigo ryasohotse rimenyeshako amakuru yaciye k’urubuga ngurukana bumenyi whatsaap avuga ko hari abakozi baco batera umugera wa Sida iyo bagiye kurondera ibiharuro ari ibinyoma biba bifise intumbero yo gucafuza no kwonona ishusho y’ico kigo.

Muriryo kete ikigo ISTEEBU kivuga ko kiza catanguye amatohoza kugira kimenye icatumye uwatanze ayo makuru y’ibinyoma abikora n’icoba cinyegeje inyuma yaco.

Ico kigo giheraheza kimenyeshako kizobandanya gukora ibikorwa kijejwe cisunze amategeko kugira giterere mw’iterambere ry’igihugu.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha