Ikigo Apple kivuga ko ingorane z’ibikoresho vyaco bishobora gutuma haba ubusuma

0 6-01-2018 - saa 11:55, IGIHE

Ikigo Apple cemeje ko bimwe mu bikoresho vyayo bikorana n’ubuhinga bwa Mac hamwe na iOs bifise ibibazo vy’ubuhinga kandi bishobora gutuma haba ubusuma bukorerwa ku rubuga ngurukanabumenyi.

Ico kigo kimenyesha ko izo ngorane ziri muri ivyo bikoresho zishobora gutuma haba ubusuma bukorerwa k’urubuga ngurukanabumenyi.

Nk’uko bimenyeshwa na Apple,izo ngorane z’ubuhinga zateye bimwe mu bikoresho vyayo zizwi ku mazina ya Spectre hamwe na Melton vyateye ibikoresho vy’iryo shirahamwe bisanzwe bikoresha iOS 11.2, macOS 10.13.2 na tvOS 11.2.

Abahinga mu bijanye n’ubuhinga ngurukanabumenyi bamenyesheje ko Meltdown na Spectre bituma amakuru y’umuntu aja ahabona ,basavye ko mu kwirinda ubwo busuma bwo ku rubuga ngurukanabumenyi kw’abantu bokoresha programme zigezweho z’uruganda rwa App Store.

Mwomenya ko ibigo bikomeye vyo ku rubuga ngurukanabumenyi nka Google,Microsoft hamwe na Amazon ko navyo nyene biriko birafasha kugira bitorere inyishu ico kibazo.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha