Ikigo ARFIC kivuga ko amashirahamwe atazohemba abarimyi mu kiringo c’indwi 2 azofatirwa ingingo

2 3-10-2018 - saa 14:27, vianney

Umuyobozi mukuru ajejwe urwego rwa Reta rukwirikiranira hafi igiterwa c’ikawa ARFIC(Agence de Regulation de la Filiere Café) Emamnuel NIYUNGEKO amenyeshako amashirahamwe akorera murico giterwa azoba atarariha amafaranga abarimyi mu kiringo c’indwi zibiri uhereye kw’igenekerezo rya 1 Gitugutu 2018 azoca afatirwa ingingo.

Mw’itangazo yasohoye kuruno wa gatatu igenekerezo rya 3 Gitugutu umwaka wa 2018,Emmanuel NIYUNGEKO yamenyesheje ko abarimyi batararonswa agahembo kabo urwego rw’igihugu rujejwe umutekano rwafashe ingigo yuko ayo mafaranga bayaronswa mu kiringo kitarenze indwi zibiri uhereye kw’igenekerezo rya 1 Gitugutu 2018.

Emmanuel NIYUNGEKO avuga ko mu nama bagiraniye n’ibanki zubudandaji zemeye gutanga ingurane ku barimyi ku nyungu y’ibice 7 kw’ijana mu gihe bayitanga ku nyungu y’ibice 9 kw’ijana.

Emmanuel NIYUNGEKO atera akamo amakomine kuza arorohereza abafise amatonorero.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Ntunzwenimana Aimedi 2018-10-11 21:36:48

Nukuri baratevye twasaba ko boza barahemba mukumunani mumamatariki yambere kugira abanyeshure basubire kwishure bahevye kugira tubagurire amakaye

2
Busurahende 2018-10-04 09:51:10

Hariho abantu bicaye ku gihugu (nk’uyu ngo akwirikirana igiterwa c’ikawa) bariko baragihekenya. None nk’uyu akorera abanyagihugu? Iyo bitaba ibinyamakuru vyasemereye, imyaka n’imyaka yoheze abarimyi b’ikawa barindiriye ko bakomorerwa utwabo babiriye icuya.

Kumenyekanisha