Ihuriro ry’imigambwe FDP ryatanze intererano y’amatora ya 2020

3 24-04-2018 - saa 15:26, Jean De Dieu

Ihuriro ry’imigambwe FDP (Le Forum des Partis Politiques) ryatanze intererano y’amafaranga agenewe amatora yo mu mwaka wa 2020 angana n’imiriyoni 105.850.000 y’amafaranga y’amarundi.

Umukuru w’ihuriro ry’imigambwe mu Burundi Felicien Nduwuburundi, yameyesheje ko abarongoye imigambwe itandukanye bashimye gutanga iyo ntererano mu ntumbero yo kwereka akarorero abanywanyi babo bahurikiye mu migambwe.

Kubwa Felicien Nduwuburundi abanywanyi bamaze kubona abarongozi babo batanze iyo ntererano bizobabera akarorero nabo bakore gutyo.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Sylvere Sibomana 2018-07-29 23:09:30

Ah nivyiza cane kubona aho abategetsi batanguye kumenya ko twikukiye kera tudakwiye kwama duteze amaboko hanze

2
OKAY 2018-05-02 03:29:10

Mbega ntasoni bitera abarundi kubona bakigendana amasagoshi yuzuye amafaranga mugihe ibindi bihugu vyose kwisi bisanzwe bikoresha ama check n’ama carte? izo sanamu ziramaramaje nukuri.

3
kankindi 2018-04-25 11:55:52

ni muzuri none ubu ntimukwije hasigaye ayo muzubakamwo amagorofa

Kumenyekanisha