
Mu ntumbero yo gushira ahabona indirimbo nshasha ziri mu rukurikirane bise « Yaranesheje », umugwi wo guhimbaza Imana « Bujumbura International Community Church » (BICC) wabateguriye igiteramo c’agakura kizoba ku munsi w’Imana igenekerezo rya 5 Munyonyo mu kigo ca CLM (Odeon Palace) kuva isaha icenda n’igice gushika isaha cumi na zibiri z’umugroba (15h30 à 18h)
Muri ico giteramo, Reuben Kigame, umuririmvyi azwi cane ku ndirimbo ya « Shukurani Bwana » n’izindi ndirimbo zo kuninahaza Imana, azoba ari umutumire w’iteka.
« Kuko nzi Ivyiyumviro Mbiyumvirako, ni jewe Uhorah mbivuze, kw’ari ivyiyumviro vy’amahoro, atari ivyiyumviro vy’ivyago, kugira ngo mbahe ivyizigiro vyo mwiherezo ryanyu. » Yeremiya29 :11
Bavukanyi muri Kristo, ntimutangwe rero kuza gushimira Umukama kuko imigambi ishira mu nzira zanyu ari myiza.
Ntimutangwe rero kuza gusangira natwe akanyamuneza ko kuba abana b’uwanesheje.
Kwinjira ni amafaranga ibihumbi bibiri hasi, hamwe n’ibihumbi bitanu hejuru.
dushimiye ishengero rya Bicc rishimye kuduteramisha mu ndirimbo z’imana