Igitabu kirimwo abaririmvyi n’ibikorwa vyabo catanguye kwandikwa

1 1er-02-2018 - saa 15:18, IGIHE

Igitabu kigiye kuzojamwo abaririmvyi b’abarundi n’ibikorwa vyabo kigiye kwandikwa, ibirori vyo gutanguza ico gikorwa bikaba vyabaye kur’uyu wa hatatu igenekerezo rya 31 Nzero 2018.

Ico gikorwa kizorangurwa na Fondation Femi de J’Abat itwarwa n’umuririmvyi Félicien Minani azwi kwizina rya Femi de J’abat, bafadikanije n’Ubushikiranganji bw’inkino n’imicokama biciye mu kigo CEBULAC (Centre Burundais de Lecture et d’Animation Culturel).

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA, yamenyesheje ko ico gikorwa kizotuma abaririmvyi baja hamwe bakamenyekana, gutyo bakazonunguka, kuko umuziki uzogira ico ubamariye bakikenura.

Freddy MBONIMPA agasaba ko ico gikorwa coca kiza kirashirwa no ku buhinga ngurukana bumenyi kugirango isi yose imenye aho Uburundi bugeze mu gisata c’ubuhinga bwo kwikora mu gahogo.

Ku ruhande rwiwe, Femi de J’Abat yavuze ko ari umunezero udasanzwe kubona igikorwa cafashe intumbero. Ati :« Kuri jewe ni indoto ihindutse ukuri. Iki gitabu tugiye kwandika haheze imyaka igera kuri 18 ndakirose, none Imana yabikoze, indoto yanje yashitse. »

Femi arongera akavuga ati :« Abana n’abuzukuru bacu bazomenya ko hari ico twamaze, twamariye igihugu.Igitabu" encyclopédie de la musique" kizoba ubushinguro, isanamu y’umuziki n’akaranga ko gucuraranga karanga Umurundi. Nico gituma ata n’umwe azokumirwa kandi yarafise ubumenyi n’uburenganzira bwo kuja mu bandi baririmvyi bafise impano n’ibikorwa. »

JPEG - 96.7 ko
Abari bitavye igikorwa co gutanguza ibikorwa vyo kwandika ’’Encyclopedie de la musique Burundaise’’

Femi avuga kandi ko igikorwa co gutotorokanya abaririmvyi n’ibikorwa vy’abo kizoba mu gihugu cose ndetse no hanze y’igihugu biciye mw’ishirahamwe ry’abaririmvyi b’abarundi barangurira imirimo yabo hanze y’igihugu, UNABUDI (Union des Artistes Burundais de la Diaspora)

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
NDAYIRAGIJE AUDACE 2018-02-01 18:52:18

ntawutobishima kwl. ak burya abo mugihugu hagati bizokoroha gushlikirwa ? muzohav mwitaho abomugisagara gusa

Kumenyekanisha