Igitabo ngenderwako mu gutanga amakuru cemejwe n’ubushikiranganji bw’agateka ka zina muntu

0 13-11-2018 - saa 18:51, vianney

Ubushikiranganji bw’agateka ka zina muntu,imibano hamwe n’iterambere ridakumira bwemeje igitabo kizofasha kugira kibe igikoresho ubwo bushikiranganji buzokoresha mu gutanga amakuru atomoye yo murubwo bushikiranganji.

Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu ,imibano hamwe n’iterambere ridakumira Martin NIVYABANDI yamenyesheje ko ico gitabo cemejwe kizofasha ubushikiranganji arongoye guhanahana amakuru congere gifashe abanyagihugu kumenya uko bokwitwara,kumeya amakuru ajanye n’ivy’agateka ka zina muntu, kumenya ibijanye n’imigenderanire hagati yabo hamwe n’ibijanye n’amahoro.

Uyo mushikiranganji yavuze kandi ko ico gitabo cemejwe mu ntumbero yo gufasha abanyagihugu kuko aribo bakeneye gose kumenya amakuru kuko arico baba biteze kuri reta ,gutyo bigafasha guteza imbere uburyo bwo guhanahana amakuru hamwe no gutanga inyigisho zitandukanye biciye mu kumenya amakuru.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha