
Inyuma yaho uyu mwaka wa 2018 mu gikombe c’isi c’umupira w’amaguru hatangujwe uburyo bwo gukwirikirana amakosa yibonekeza mu rukino «Assistance Video » ,bivugwako akarenganyo gahora gakorerwa imirwi yo k’umugabane w’afurika kabandanya kibonekeza.
Amakuru dukesha Jeune Afrique amenyeshako umukinyi rurangiranwa w’igihugu ca Maroc,Nordin Amrabat yashikirije ku mugaragaro ko igitsindo catumye igihugu ciwe kinganya mu rukino rwabahuje n’igihugu ca Espagne kitaciye mu mategeko bitumwe n’ubwo buryo bushasha.
Kubw’igihugu ca Misiri inyuma yaho gitsinzwe mu rukino rwagihuje n’Uburusiya cashikirije ibirego kivuga ko umuhagarikizi w’urwo rukino atagiye kwifashisha kuraba amakosa yakozwe hakoreshejwe ubwo buryo bushasha incuro zibiri zose mu gihe hibonekeje amakosa aboneka.
Igihugu ca Senegal kubwaco cashikirije ibirego bijanye na penariti batahawe mu gihe ubwa mbere bahiyahwe mu nyuma barayakwa kw’ikosa ryari ryakorewe umukinyi Sadio Mane,mu rukino rwabahuje n’igihugu ca Colombie.
none babimiyiki iyopenarite nibaze barakina kumategeko
Ego nivyo kwl abazungu baranka abirabure senegal barayivye penality twese twarabibonye ( sadio mané) yagira abikore.
Nukwikinira igikombe ca Afrika hanyuma tukirararamira ivyabazungu tukabahebera!kukobabandanya kutugirabaja!
Amakipe y afurika yararenganyijwe kuberaburiyaburyo