CoupeDuMonde2018: Brésil & Belgique yaronse itike yo kuja mu gice ca kane gishira icanyuma

0 2-07-2018 - saa 20:10, vianney

Igihugu ca Bresil caronse uburengenzanira bwo guhiganirwa igice ca kane gishira icanyuma mu rukino rw’umupira w’amaguru kw’isi ruri kubera mu gihugu c’Uburusiya inyuma yo gutsinda igihugu ca Mexique ibitsindo 2 k’ubusa.

Igitsindo ca mbere cinjijwe n’umukinyi Neymar Junior ku munota wa 51 icakabiri naco cinzizwa na Roberto Firmino k’umunota wa 88 w’urukino.

Bresil gihambije ibihugu vy’Ubufaransa,Uburusiya,Croatie hamwe n’igihugu ca Uruguay.

Urundi rukino rwahuje igihugu c’Ubuyapani hamwe n’Ububirigi, Ububirigi bwatsinze ibitsindo 3 kuri 2, buca buronka uburengenzanira bwo guhiganirwa igice ca kane gishira icanyuma.

Inkino zitegekanijwe guhura ejo n’urukino ruzohuza igihugu ca Suede n’Ubuswise hamwe n’urukino ruzohuza Colombie n’igihugu c’Ubwongereza.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha