Ibiciro vyo kwiyunguruza vyadugijwe

2 9-08-2018 - saa 18:02, vianney

Ibiciro vyo kwiyunguruza hagati mu gisagara ca Bujumbura canke hagati mu gihugu vyadugijwe kuruno wa kane igenekerezo rya 9 myandagaro 2018 ,ivyo bikiba bishitse inyuma yaho igiciro c’igitoro kidugijwe.

Mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’ubudandanji,ubushikiranganji bwo gutwara abantu n’ibintu hamwe n’ubushikiranganji bw’ubutare n’agataka rimenyeshako kubera ibiciro vy’igitoro vyadugije gushika ku bice 5 n’ibice 5 kw’ijana igiciro c’amafaranga yo kwiyunguruza mu gisagara ca Bujumbura ubu ari amafaranga y’amarundi 400.

Iryo tangazo rivuga ko ibiciro vy’abiyunguruza baja hagati mu gihugu vyiyongereyeko ibice bitarenga 5 kw’ijana mu gihe.

Mu bice biherereye ku mpera z’igisagara ca Bujumbura nka CARAMA,KIRIRI,RUZIBA,MARAMVYA,MIRANGO ROND POINT ,KAMESA ,RUBIRIZI hamwe na BUTERERE ivyo biciro vyiyongereye ibice 5 kw’ijana.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Hitimana Gvs 2018-08-23 12:00:39

Turabashimira Kunkuru Muduha Mukomere Kwi Banga Natwe Tubarinyuma Kuko Tuhamenyera Vyishi Imana Ibazigame Mu rakoze

2
Jean Claude 2018-08-11 04:25:04

Icombonanukwomuburundihakirintumvanyinshizikwiyekwikebukahakirikaranahubundatarukwozizokwamazahuyeningoranekubwakarimikazo

Kumenyekanisha