"IMBURA VYINSHI na ECOCASH"

0 27-09-2017 - saa 12:00, Egide NDUWIMANA

Nta keka ko musanzwe muzi ka karusho ”Imbura amafaranga” kateguriwe abanywanyi bose ba Econet Leo kakabafasha kuronka amafaranga ku makonte yabo ya EcoCash uko binjije ikarata y’ama inite. Haje n’ibindi bishasha, kandi ako karusho "IMBURA VYINSHI na ECOCASH" ntahandi muzogasanga atari muri Econet Leo.

Biraryoshe! Gura ama inite ukoresheje ikonte yawe ya Ecocash hama wironkere akarusho gashika ku bice 10 kw’ijana.

Mu kugura ama inite fyonda *444*3*ama inite# hama wemeze.

Dufatiye ku karorero kuwuguze ama inite y’10.000, afyonda *444*3*10.000# aca aronka ama inite ya 10.000 ariko akariha amafaranga 9.000 gusa. Mukamenya ko umunywanyi yinjije ama inite, Econet Leo imuronsa amafaranga kuri konte yiwe ya Ecocash.

Ayo mafaranga umunywanyi aba yaronse kuri Ecocash, ashobora kuyakoresha mu :

- Mu kugura ama inite

- Mu gusuma

- kurungikira amahera incuti n’abagenzi

- canke kuyatora ku mukozi wese wa Ecocash

Mufise ico mubaza, hamagara 100, kuri 444 canke mudukurikire ku rubuga rwacu rwa Facebook, Twitter, hamwe na Instagram.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha