Menya ibihangange vy’abaririmvyi bizoduga I Gitega n’i Makamba

0 21-12-2017 - saa 15:27, IGIHE

Iminsi isigaye iharurwa ku ntoke ngo Ikoh ishire ahabona rwa rukurikirane rw’indirimbo rwari rumaze umwaka wose ruriko rurategurwa. Gitega ni yo ntara ya mbere izokwakira igiteramo ca mbere c’umugambi" U’ll Love Changes Vol2".

Intara ya Gitega yatowe ubwa mbere mu kuzokwakira igiteramo ca mbere c’ugushira ahabona Album ya kabiri y’umugambi "U’ll Love changes Vol". Haruna, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, avuga ko bahereye i Gitega ariko igiteramo nk’ico kizobandaniriza mu ntara ya Makamba, eka no kuri Lacoste Beach i Bujumbura.

Aho i Gitega bazoterwa iteka ryo kwakira umuhungu wabo Double Jay yari amaze umwaka atahaboneka ku mvo zo kubategurira agakemanyi azobashikiriza kuri uwo wa gatandatu igenekerezo rya 23 Kigarama ku kibuga ca Basketball.

Double Jay arishimira cane uko ivyo biteramo vyateguwe kuva mu ntango gushika aho bigeze uno munsi. Aremerera ab’iwabo ko azobereka ko atari yicaye. Indirimbo nka "Mpa akanya" n’izindi zizosamira aho iwabo.

Mu ndirimbo icumi na zine ziri muri Album ya "U’ll Love Changes Vol2", Franck nawe azodugana iwabo mu ntara ya Makamba aho nawe azobica bigacika ku kibuga gikuru c’umupira w’amaguru. Franck akaba yarahiye ko ategerezwa gusangira Noheli n’abanyamakamba.

Mbega Double Jay na Franck Duniano bazoririmba bonyene muri ivyo biteramo ? Kubitiza akajisho aha munsi umenye urutonde rw’abaririmvyi bazobashigikira.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha