’’Hariko hakoreshwa inguvu zidasanzwe kugira igisata c’ikawa gitere imbere.’’

2 12-03-2018 - saa 11:25, IGIHE

Inyuma y’urugendo rw’akazi yagize mu ntara zo hagati mu gihugu, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi ,Epaphras NDIKUMANA, amenyesha ko igisata c’ikawa cifashe neza ku rubuga, kandi ko abarimyi b’ikawa bariko bakoresha inguvu kugira umwimbu urwire, naho hakiri utugorane .

Epaphras NDIKUMANA avuga ko mu rugendo yagize mu ntumbero yo kuraba aho abarimyi bageze n’uko amatonorero ariko arakora, yasanze hari abariko bakoresha inguvu zidasanzwe kugira igisata c’ikawa gitere imbere, kandi haboneke umwimbu w’akanovera.

Umunyamabanga nteyegayezwa mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi amenyesha ko muri urwo rugendo yasanze amatonorero akora ukuri kwamye, kandi ko ayo matonorero yiteguye kwakira umwimbu w’ikawa ukwiye, muri uno mwaka wa 2018.

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, asigura ko imbere y’imyaka itatu iheze, umwimbu w’ikawa wagenda uraduga ahandi ukagabanuka, ariko ubu haheze imyaka itatu ikurikirana, umwimbu uguma uduga.

JPEG - 47.5 ko
Epaphras NDIKUMANA, Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi

Epaphras NDIKUMANA avuga ariko ko naho biri ukwo, ingorane zozo zitabuze, na cane cane izifatiye ku buryo buke, hamwe n’imyidogo y’abarimyi b’ikawa ku bijanye n’agashirukabute gato baronka, kandi aribo bakora ibikorwa vyinshi.

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, arahumuriza abarimyi, ko ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi buri kumwe n’igisata c’igihugu kijejwe igiterwa c’ikawa ARFIC bariko barakora kugira umurimyi w’ikawa ahakure akarusho.

Ku bijanye n’uko hari abarimyi b’ikawa badebukiwe, Epaphras NDIKUMANA, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, amenyesha ko Reta ibicishije mu bushikiranganji, bariko barasubira guhimiriza abanyagihugu, ko ikawa ari isoko ry’iterambere ry’igihugu n’imiryango, kandi ko n’amatuta y’ikawa ariko aratunganywa.

JPEG - 58.7 ko
Ikawa ihiye ikiri ku giti, igeze kwamurwa

Mu kwezi kw’icumi 2017, ikawa yo mu Burundi yatonorewe mw’itonorero ry’ikawa ryo mu Kibingo mu ntara ya Kayanza niyo yabaye iya mbere kw’isi, mw’ihiganwa ryatunganijwe n’ishirahamwe ACE (Alliance for Coffee Excellence), I Boston, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Muri iryo higanwa, ikwa y’Uburundi yaguzwe icamunara, ku madorare 115 y’abanyamerika, ikiro kimwe.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
birikumana fabrice 2018-03-13 06:47:48

Uburundi burya bwicaranye imitungo nyinshi hama nibagire umurimyi wikawe nawe atuburure agakanda

2
bizimana philbert 2018-03-12 15:06:22

Andika hano.none mwunva atarimwebwe mutera abarimyi bikawa ubunebwe.none ko mwagurishije kukiro kimwe115 vyi dorare.uno mwaka umunyagihugu kugira agire inguvu zukurima ikawa mwamwongeye angahe afatika not ibiceri.kuko 115 vyi dorare.bivunjwa 250 ya dufatiye gusa kwi dorare100

Kumenyekanisha