"Haracari abagumyabanga bakiboshwe n’ukugumuka" - Petero NKURUNZIZA

17 28-04-2018 - saa 09:15, IGIHE

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA avuga ko umugambwe CNDD-FDD Imana iwukunda, ariko ko hari abanywanyi bawo bakiboshwe n’ubukozi bw’ikibi. Abahamagarira kubohoka, bakore ku neza y’abarundi bose.

Mu gihe kuwa kane igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2016, umugambwe CNDD-FDD wari watunganije amasengesho yo guhimbaza Imana, no kwibuka imyaka itatu iheze ushize imbere umukuru w’igihugu kugira yitoze mu kibanza c’umukuru w’igihugu, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, yavuze ko hageze igihe co kwirimbura, no gushimira Imana kuvyo yakoze.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, yagarutse ku vyaranze umwaka wa 2015, aca avuga ko wari umwaka ukomeye kandi ko ibihe abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD barimwo ata wundi yari kubibakuramwo atari Imana.

JPEG - 42.6 ko
Petero NKURUNZIZA, Umukuru w’igihugu c’Uburundi

Yisunze ivyabaye mu mwaka wa 2015, umukuru w’igihugu yavuze ko vyerekanye ko igihugu kidatwarwa n’abanyabwoba, kandi ko muri uwo mwaka wa 2015 batiwe bongera baca mu cigwa.

Petero NKURUNZIZA aramutswa igihugu c’Uburundi yavuze ariko, ko hakiri abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD bakiboshwe n’ukugumuka, akagaye, ukurenganya, ishari n’ibindi, aca abasaba kubohoka.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2  

1
niyungek sositen 2018-06-18 11:02:52

Andika hano wew sinzi byo wibereyem abarundi tur mas mayuguw

2
Niyonzima Marc 2018-06-10 15:55:33

Nivyo Kwl Twarabony Muri 2015 Ko Nyen Icubahiro Pierre Nkurunziza Atabwoba Agira Imana Imuj Imber Mumigambiyiw Yos Abarundi Insinzi Tumuri Inyuma

3
amiri musa 2018-06-01 20:55:06

mbe ngororeye abahinda, ubu muburundi niho hahaye hapfa abantu kurusha kuntwaro zahise ? ko kera bantu bicwa narirya atanamaradio canke umuga ngurukanabumenyi vyariho ? abantu ntibatikira mwibanga atacamira uri abahambwe mubinogo rusangi, kugeza aho reta yakoresha indege mukwica abanyagihugu bazira uko gusa baremwe/Ntega na Marangara, Nsans echeque baturira abantu izuba riva kumugaragaro...,ahasigaye mukazana ngo politike mubesha abarundi, ahubwo nukuraba neza ko abobatavuga rumwe / bagwanya reta ububeshi bakoresha hirya nohino atarivyo bituma IMANA ibakomesha badashika kucobipfuza kuko Imana vyose irabibona.

4
zebras promotion 2018-05-31 12:57:43

ebna ndumva ari sawa nimukomer kuk harya ukunzw nabantu ub ukunzw nimana.ark mwibuk ko uburundi tubusangiy twes muz murasabikanya mwes.nabahunz arko atari abarndegwa nubutungane mwogira ibishoboka vyos mumatora ya 2o2o bakaba batahuts kugra dufashany kubaka igihugu.kuk nabo bari hanz nibo na cane cane baguma bakaza akariro muri onu no mumakungu.nabo ndabasaba ko bobireka kuk hagra ingorane twbw batobato.murakoz

5
Amad Niyubahwe 2018-05-30 07:39:09

Nivyiza Kuba Bariho Kandi Bafunzwe Nibabandanye Bafungwe Kuko Nibo Bazana Itera Bwoba Kubo Badasangiye Imigambwe

6
mayugi 2018-05-25 10:55:43

Iyi nzara n’ubukene uwo nkurunziza aduteye niyo mumushimira ngo agume kungoma !! Nimuhumuke mubone kure nkuko mwiyita.

7
Nyabenda Manweri 2018-05-22 20:52:55

Andika hano Amahoro Nyakubahwa Sebarundi Petero Nkurunziza Songambere Uri Umugabo Wubwitonzi Imana Yarakwitondeye Mukukurema Ikomeze Kubazigama.

8
Mamert 2018-05-02 21:55:22

Iyintwaro Ihari Iragahora Kungoma Yoyadukuye Ahabi Ikadushira Ahabona.Tuzomutora Ijana Kwi Jana. Kwiyimanda Ya 2018 .MURAKO NOKUDUHA DUTANGE ICIYUMVIRO.

9
NDIKUMASABO Jean Bosco 2018-05-02 18:36:52

Ni vyiza KO abarundi twirimbura tugasenyera ku mugozi umwe

10
Magnus 2018-05-01 11:00:28

Nakomerekumuheto iyadukijije 2015 na 2018 irawudukiza abagumutsibazokwamaho uburundi imana irabukunda nababurongoye irabakunda

Paji: 1 | 2  

Kumenyekanisha