’’Gufasha Aaron NTUNGA bikwiye kuva mu majambo bikaja mu bikorwa’’-Kidum

0 1er-02-2018 - saa 17:29, IGIHE

Jean Pierre NIMBONA Kidum, umwe mu baririmvyi baza imbere mu bihangange vy’umuziki ndundi, asaba abarundi kuva mu majambo, bagaterera kugira Aaron NTUNGA ashobore gukwiza uburyo bwo kuja kwivuza mu gihugu c’Ubuhindi.

Aaron NTUNGA umuhinyanyuzi w’umuziki yakoranye n’abaririrmvyi benshi batandukanye, haba mu barutse mu myaka ya mirongo umunani, aho twovuga nka Matata, Léonce Ngabo, Cédrick Bangi n’abandi,ndetse n’abarutse inyuma yabo nka Appolinaire, Kidumu n’abandi,afise ibibazo vy’amagara amukitse, kuko afise indwara y’umutima.

Amakuru ava mu bamwegereye, Aaron NTUNGA yandikiwe n’abaganga ko igisabwa kugira ubuzima bwiwe busubire kumera neza ari ukuja kwibagisha mu gihugu c’ubuhindi, ibizomutwara amafaranga ashika ibihumbi mirongo itatu vy’amadorare y’abanyamerika (30.000$ ).

Aaron NTUNGA akaba ari mu bubabare budasanzwe, ububabare amazemwo igihe kinini, iyo ndwara ikaba imaze kumutwara uburyo bwinshi.

JPEG - 112.1 ko
Umuririmvyi Jean Pierre NIMBONA, batazira Kidum

Kidum yatumenyesheje ko amaze gutanga intererano ingana n’umuriyoni w’amarundi, akavuga ko ashobora no gutanga ayandi

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha