Gitega : Patiri Caritos NIYOYITUNGIYE yatowe ikiziga aho akorera

2 21-05-2018 - saa 15:09, IGIHE

Patiri Caritos NIYOYITUNGIYE yahora ari icegera c’umunyamabanga w’ishirahamwe ODAG yatowe ikiziga aho yapfiriye, mu nzu yahora akoreramwo, mu nyubakwa za Diyoseze Nkuru ya Gitega.

Amakuru dukesha abegereye Diyoseze Nkuru ya Gitega, amenyesha ko Patiri Caritos NIYOYITUNGIYE bamuheruka ejo isaha icumi z’umugoroba aho yariko asoma imisa, mw’ishengero ryo ku Mushasha, mu ntara ya Gitega.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko kuva ico gihe batasubiriye kumubona, ari naho basanze aho yapfiriye mu gatondo ko kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 21 Rusama 2018.

Muri Diyoseze Nkuru ya Gitega ntiturashobora kubaronka, kugira bagire ico bavuze kur’urwo rupfu.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Mahoro 2018-05-21 17:48:58

Bigaragara ko Eklezia Gatorika yahagurukiwe n abicanyi !
Bishobora kuba bifitaniye isano n ivy Abungere bayo bashikirije kw Ibwirizwa Nshingiro !
Turabaye nka Congo !

2
amani 2018-05-21 16:27:45

amaani nizo mbonerakure zamwishe

Kumenyekanisha