
Umuririmvyi Felicien MINANI azwi kw’izina rya Femi de J’Abat arabandanya igikorwa co gutanguza, iyandikwa ry’igitabo kizoba kivuga k’ubuzima bw’abaririmvyi n’ubwo umuziki mu Burundi. Kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2018, ico gikorwa kiriko kibera mu ntara ya Gitega.
Aherekejwe n’abaserukira ubushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imico kama, Felicien MINANI Femi de j’Abat ariko asigura uko igikorwa co kwandika kizogenda n’uburyo buzokoreshwa aho buzova.
Ico gikorwa co gusigura ibijanye n’igitabo ciswe ’’Encyclopédie de la musique burundaise’’ kiriko kibera mu ntara ya Gitega, citabwe n’abaririmvyi bava mu ntara za Gitega,Muramvya, Ruyigi, Mwaro, Cankuzo hamwe n’intara ya Karusi.
Igikorwa co gutanguza k’umugaragaro iyandikwa ry’igitabo ’’Encyclopédie de la musique Burundaise’’ catanguriye mu gisagara ca Bujumbura, kuwa gatatu igenekerezo rya 31 Nzero 2018.
Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!